Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:13
19 Referans Kwoze  

baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.


Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Kuko ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!’”


Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”


Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.


“Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni; raba, umwami wawe araje, yicaye ku nyana y’indogoba.”


“Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.”


Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite