Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:1
13 Referans Kwoze  

Maze Yesu aca abajana inyuma y’igisagara, hafi y’i Betaniya, aramvura amaboko arabahezagira.


Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.


Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.


Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.


Maze aca abasiga ngaho, ava mu gisagara aja kurara i Betaniya.


Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara. Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”


Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivyari aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije.


Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,


Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”


Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari benshi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye.


Ku musi ukurikira, abantu benshi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite