Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:55 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

55 Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:55
30 Referans Kwoze  

Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.


Ico gihe Umusi mukuru wa Pasika w’Abayuda wari wegereje.


Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu.


Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.


Umuntu wese akwiye kwisuzuma imbere yo kurya kuri uwo mukate no kunywera kuri ico gikombe.


Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda.


Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kujamwo nk’amaritiro ijana.


Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.


Yesu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati:


“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro, ari wo musi wa Pasika wegereje,


Jana na bo, ugirane na bo umugenzo w’ukwihumanura, kandi ubarihire n’amahera kugira ngo bimoshe. Gutyo abantu bose bazobona ko ivyo bakwumviseko atari vyo, ariko ko na we ubayeho witondera ivyagezwe.


Bukeye Pawulo aca ajana na ba bantu, yihumanurira hamwe na bo, hanyuma aja mu rusengero kumenyesha umusi umugenzo wo kwihumanura uzorangirirako, maze ibimazi bigatangwa ku bw’umwe umwe muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite