Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:53 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:53
22 Referans Kwoze  

Haciye igihe, Abayuda barondera ingena bomwica,


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


Ivyo vyatumye abakuru b’abaherezi bagira imigambi yo kwica Lazaro na we,


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.


Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.


Abakuru b’abaherezi n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa.


Nta n’umwe yashoboye gukura ururimi mu kanwa ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.


Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


kugira ngo barabe akaryo ko gufata Yesu mu mpisho, bamwice.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite