Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:44 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara. Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:44
20 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.


hamwe n’igitambara cari kizingiriye ku mutwe wa Yesu. Ico gitambara cari ukwaco kizinguruye.


Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Kandi twe na Data turi umwe.”


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Nuko bafata ikiziga ca Yesu bakizingira mu bitambara vyera, bashiramwo na vya bimota neza, nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.


Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.


Maze arunama araba mu mva, abonayo vya bitambara vyera ariko ntiyinjira.


Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”


Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure.


Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite