Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:43
12 Referans Kwoze  

Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.


Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka.


Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka?


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Ba bigishwa batinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”


Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”


Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara. Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”


Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.


Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari benshi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite