Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika,

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:33
15 Referans Kwoze  

Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini.


Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”


Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.


Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuremesha babonye ahagurutse yihuta agaca asohoka, baramukurikira, kuko bibaza ko yoba agiye ku mva kuririrayo.


Arababaza ati: “Mwamuhamvye he?” Baramwishura bati: “Mwami ingo wirabire.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite