Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:32
10 Referans Kwoze  

Maze Marita abwira Yesu ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.


Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe,


Jewe Yohana, ni jewe niyumviye aya majambo, nibonera n’ivyo vyose. Maze kuvyiyumvira no kuvyibonera, nca nikubita imbere ya wa mumarayika nubamye ngo ndamusenge.


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


Ariko bamwe baravuga bati: “None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?”


Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: “Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana.”


(Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite