Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:28
19 Referans Kwoze  

Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.


Marita yumvise ko Yesu aje, arasohoka aja kumusanganira, ariko Mariya aguma i muhira.


Yesu aca arahagarara, avuga ati: “Nimumumpamagarire.” Nuko bahamagara ya mpumyi bati: “Humura! Haguruka, araguhamagaye!”


Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).


hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha arashaka kumenya: Icumba aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe kiri he?’


Ashitse aho agiye, mubwire nyene urugo ko Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe.


Arabishura ati: “Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe.”


Nuko rero, ni mugorore amaboko yanyu arushe, mukomeze n’amavi acitse intege.


None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.


Mariya avyumvise aca arahaguruka ubwo nyene aja iyo Yesu ari.


Yesu ntiyari bwinjire mu mihana, yari akiri aho bahuriye na Marita.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite