22 Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”
22 Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.
Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.
Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”
Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.
Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.
Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.
Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”