Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:38
12 Referans Kwoze  

Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe.


Kandi twe na Data turi umwe.”


Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data,


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.


Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”


Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite