Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:32
16 Referans Kwoze  

Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Nimba ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyizere!


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data,


Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere,


Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite