Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki?

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:20
15 Referans Kwoze  

Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite