2 Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama.
2 Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama.
Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi,
Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.
Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.
Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,
Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe n’ijambo ryakuvugishijweko, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’ishengero.
Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga.
Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama.
Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.
Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.
Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.
Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya.”