Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:12
15 Referans Kwoze  

Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba abagabo bubashwe, b’imvugakuri, batavuga indimi zibiri, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi.


atari imborerwa kandi adasinda, ariko afise ubugwaneza, adatera ibihari, kandi adakunda amahera.


Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.


Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama.


Umucangero arahunga kuko akorera amahera kandi atababaye intama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite