Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:9
15 Referans Kwoze  

Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.


Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.


aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.


Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.


Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.


Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”


Ariko iyo atabona neza, umubiri wawe wose uca uba mu mwijima. Nimba wibaza ko ufise umuco kandi ari umwijima, umwijima uri muri wewe n’umuzitanya!


Vyongeye, umubiri wawe wose niwaba mu muco, ata rugingo na rumwe ruri mu mwijima, uzokayangana nk’aho urasiwe n’umuco w’itara.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite