Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:49 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:49
31 Referans Kwoze  

Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


“Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”


“Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.”


“Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti: Raba Umwami wawe arakugendeye, aciye bugufi, agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.”


Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Kristo, Umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere.” Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.”


Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite