Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:44 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Kandi Filipo uyo, i wabo n’i Betsayida, igisagara c’i wabo wa Andereya na Petero.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:44
18 Referans Kwoze  

Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Mushingantahe, twipfuza kubona Yesu.”


“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Intumwa zigarutse ziganira Yesu ivyo zakoze. Yesu aca ajana na zo baja ahiherereye, aharabana n’igisagara citwa Betesayida,


Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo ayikoreko, ayikize.


Hanyuma y’ivyo, Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka i Betesayida; na we asigare arasezera abantu.


Andereya, Filipo, Baruteremi, Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni Umuzelote,


hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;


Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.


Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi,


Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”


Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”


Yesu abonye abantu isinzi baje bamugana, abarira Filipo ati: “Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?”


Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwe umwe.”


Filipo aca aragenda abibwira Andereya, maze uko ari babiri baca baja kubibwira Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite