Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza, ati Murondera iki? Baramubgira, bati Rabi (risobanurwa ngo Mwigisha), usembereye hehe?

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:38
30 Referans Kwoze  

Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Bamusanze aho yari ari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”


Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Mushingantahe, twipfuza kubona Yesu.”


Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”


Petero arururuka, abwira ba bantu ati: “Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?”


Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”


Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.


Yesu ari mu nzira agenda, hari isinzi ry’abantu bari bamukurikiye. Maze Yesu, arahindukira ababwira ati:


Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.


Wa mugabo yakize abadayimoni yinginga Yesu ngo bajane, ariko Yesu aramwankira, amubwira ati:


Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu.


Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.” Aho hari nk’isaha cumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.


Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite