Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 kandi jewe sinaribgamumenye, arik’ Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, at’ Uwo uzobona Mpwemu amanuka aja kuri we, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:33
16 Referans Kwoze  

Kuko Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”


Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite