Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:17
37 Referans Kwoze  

Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.


Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya.”


Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.


Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni “Egome” muri Kristo Yesu. Kandi muri we “Amen” tuvuga bisigura ngo “Egome” iraduga igahesha Imana icubahiro,


Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite