Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:12
27 Referans Kwoze  

Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,


Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


Amahanga azokwizigira izina ryawe.”


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.


Kandi si igihugu ca Isirayeli gusa, ahubwo yari agiye gupfira n’abana b’Imana bashwiragiriye mu mahanga, kugira ngo abegeranirize hamwe, abagire umwe.


aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.


Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.


kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite