Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:8
24 Referans Kwoze  

Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.


Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.


Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.


Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”


Mbega ikidutera ivyizigiro n’umunezero canke igitsibo tuzokwirata imbere y’Umwami wacu Yesu Kristo igihe azozira ni ikihe? Si mwebwe?


Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite