Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:3
19 Referans Kwoze  

Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.


Inyigisho zabo zikwiragira nka kanseri mu mubiri. Muri bo harimwo Himenayusi na Filetusi.


Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.


‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite