Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:16
68 Referans Kwoze  

Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.


Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


Maze benshi mu bari bizeye baraza, baratura bongera bavugira ku mugaragaro ivyo bakoze.


Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.


Bene Data, mudusengere.


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Mudusengere. Imitima yacu nta kibi itwagiriza kandi dushaka gukora vyose mu buryo bwiza.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.


nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe;


Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu,


Nuko baca bafata inzira, baca mu mihana itandukanye, bavuga Ubutumwa Bwiza, bakiza n’abarwaye aho baca hose.


Abantu benshi bava mu ntara ya Yudaya no mu gisagara ca Yerusalemu bakaja iyo ari. Bamaze kwatura ivyaha vyabo, yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Simoni aca yishura ati: “Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo mu vyo uvuze ntihagire ikizombako.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite