Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe;

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:13
34 Referans Kwoze  

mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,


Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.


Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.


Nuko arasenga cane, yuzuye umubabaro mwinshi, icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atonyangira hasi.


Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono.


Baca basemerera n’ijwi rirenga bati: Agakiza ni ak’Imana yacu, yicaye ku ntebe y’inganji, n’Umwagazi w’intama.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite