Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:10
19 Referans Kwoze  

Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.


Ico gihe muze munezerwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Kandi mwibuke ko ba sekuruza babo ari ko bagiriye abavugishwa n’Imana ba kera.


Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegerenya imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo.


Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.


Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite