Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mubabare mugandare kandi muboroge kubera ivyo mwakoze. Ibitwengo vyanyu mubihindure ikigandaro kandi n’umunezero wanyu muwuhindure umubabaro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:9
25 Referans Kwoze  

Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.


Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.


Baramwishura bati: “Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite