Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:8
44 Referans Kwoze  

muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.


(kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.


Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


“Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza? Ntibakaraba imbere yo gufungura!”


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite