Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:6
34 Referans Kwoze  

Uwishira hejuru azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”


Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Yakuye abatware ku ntebe z’inganji, ishira hejuru abaciye bugufi.


Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite