Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:5
24 Referans Kwoze  

Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.”


Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,


Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’


Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ivyaha vy’uburyo bwose: ubukozi bw’ikibi. Buzuye ukwipfuza ivy’abandi, urwanko, ishari, ubwicanyi, gutongana, gusukana, guhendana, urusaku,


Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”


Ahandi Ivyanditswe bivuga ngo: “Bazobona uwo bacumise.”


Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite