Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:3
25 Referans Kwoze  

Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


Mbega ni iki gitera intambara n’imitongano muri mwebwe? Mbega ntibiva mu vyipfuzo vyanyu bibi bigwanira muri mwebwe?


Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.


Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba! Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako canke kubatizwa umubatizo w’umubabaro ngiye kubatizwa?”


Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”


Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’


Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite