Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:17
9 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”


Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.


Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.


Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.


Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.


None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite