Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Imana yonyene ni yo yatanze ivyagezwe kandi ni yo ibicira urubanza. Ni yo yonyene ishobora gukiza no guhonya. Ariko wewe uri nde aho ucira urubanza mugenzawe?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ūshinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur’ iki, uhinyura mugenzawe?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:12
11 Referans Kwoze  

Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.


Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Ariko none uri nde wewe ngo uharirize Imana? Mbega ikibumbano cobwira uwakibumvye kiti: “Ni kuki wambumvye gutya?”


Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite