Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana:

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:9
34 Referans Kwoze  

Ni co gituma umutima wanje unezerewe, ururimi rwanje rugahimbarwa, n’umubiri wanje ukaruhukana ivyizigiro,


Umugabo ntakwiye gutwikira umutwe wiwe, kuko umugabo ni ishusho y’ubwiza bw’Imana; ariko umugore ni ishusho y’ubwiza bw’umugabo.


“Akanwa kabo kuzuye imivumo n’umururazi.”


Petero aca atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye urya muntu sindamuzi!” Uwo mwanya nyene, isake ica irabika.


Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi,


Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.


Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite