Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 N’ururimi na rwo ni umuriro, ni isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:6
62 Referans Kwoze  

Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.


Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?


Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyona, bivuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’amabwirizwa ya Mose.


Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?


Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.


Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


Ibikoko vy’ubwoko bwose, inyoni, ibikwega inda hasi n’ibiba mu biyaga umuntu ashobora kubiganza kandi yarabiganje koko,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite