Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi rāba, n’amāto naho yoba maninimanini ate, agakubebga n’umuyaga uhuhuta cane, ingafe nah’ ari nto‐nto cane ni zo ziyerekeza, ah’ abayatumbereza bagomba.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:4
8 Referans Kwoze  

Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yariko irisuka mu bwato; kandi ico gihe Yesu yari asinziriye.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Ariko wa mukuru w’abasoda ijana aho kwumviriza Pawulo, yumviriza uwugendesha ubwato na nyenebwo.


Iyo dushize umugozi mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atuyoboke, dushobora kwerekeza imibiri yayo yose iyo dushaka.


Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akamuri gato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite