Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:2
29 Referans Kwoze  

Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.


Kuko: “Umuntu wese ashaka ubugingo no kubona imisi myiza, narinde ururimi rwiwe kuvuga ikibi, n’iminwa yiwe kuvuga ibinyoma.


Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza.”


nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe;


Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.


Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose.


Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, ngahusha impera.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.


Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite