Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:16
11 Referans Kwoze  

Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.


Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?


kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.


Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.


Gusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, amatati, ishari, uburake, ukwikunda, ukwicamwo ibice, kwitandukanya,


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice, ntushobora kurama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite