Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 3:10
14 Referans Kwoze  

Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire.


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?


Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo batotegerejwe kuvuga.


Ntimuhendwe bene Data nkunda.


Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.


Mbega mw’isoko imwe hovamwo amazi meza n’ayandi arura?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite