Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Kandi muri iyo ntumbero nyene, mbega Rahabu maraya ntiyemewe nk’uwugororotse bivuye ku vyo yakoze igihe yaha indaro ba batasi kandi akabarungika abacishije mu yindi nzira?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye: mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indāro, akazirangira iyindi nzira?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:25
15 Referans Kwoze  

Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, wa mumaraya, adapfana n’abagararije Imana, kuko yakiranye umutima mwiza abatasi b’Abisirayeli.


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Salimoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu, Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi, Obedi yavyaye Isayi,


Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze.


Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”


Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu.”


Urabona rero ko umuntu yemerwa ko agororotse kubera ibikorwa biherekeza ukwizera ariko atari ukwizera kwonyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite