Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Mbega sogokuruza wacu Aburahamu ntiyiswe umugororotsi kubera ivyo yakoze, mu kwemera gutanga Isaka nk’ikimazi ku gicaniro?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Aburahamu sogokuruza, mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa, hamwe yar’ atanze kw ikimazi umwana wiwe Isaka ku gicaniro?

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:21
21 Referans Kwoze  

Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza.”


Urabona rero ko umuntu yemerwa ko agororotse kubera ibikorwa biherekeza ukwizera ariko atari ukwizera kwonyene.


Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”


Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa.


Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi?


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.


Mbega uruta sogokuruza Aburahamu, ko we n’abavugishwa n’Imana bapfuye? Wewe wigira iki?”


Wa mutunzi na we ati: ‘Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.’


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


ari yo ndahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu;


mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite