Yakobo 2:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe18 Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.” Gade chapit laBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje. Gade chapit la |