Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ni ko bimeze, n’ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:17
9 Referans Kwoze  

Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.


Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite