Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 2:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 2:13
26 Referans Kwoze  

Harahiriwe abagira imbabazi, kuko na bo bazozigirirwa.


Ariko nimutaharira abandi ivyaha vyabo, na So wo mw’ijuru ntazobaharira namwe ivyaha vyanyu.


Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.


Ehe impembo z’abakozi bo mu mirima yanyu mwanse guhemba ziriko ziratakamba zibarega. Ugutaka kw’abimbuzi b’imirima yanyu kwashitse mu matwi y’Umwami Imana Mushoboravyose.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite