Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:6
14 Referans Kwoze  

Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Petero aca aravuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.”


Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse.”


Umeze atyo ntiyitege ko hariho ico azoronka kivuye ku Mwami Imana;


Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite