Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:21
37 Referans Kwoze  

Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo;


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.


Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye kwiyambura ibintu vyose bituboha bikatubuza kubandanya hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze dusiganwe n’umwete mw’ihiganwa Imana yashize imbere yacu.


Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza mwumiye ku majambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!


Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


kuko ku bw’ukwizera kwanyu, muzoronka agakiza k’ubugingo bwanyu.


Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Harahiriwe abaciye bugufi, kuko bazoragwa isi.


kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.


Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe.


Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe.


mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite