Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 1:12
49 Referans Kwoze  

Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.


Kandi turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.


Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.


Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. “Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu.”


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.


Ivyanditswe bivuga biti: “Ivyo amaso atigeze abona, ivyo amatwi atigeze yumva, n’ivyo ubwenge butigeze bwiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Ariko uwukunda Imana we na yo iramuzi.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.


Nuko Aburahamu arindira yihanganye, maze yakira ivyo Imana yari yaramusezeraniye.


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi,


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti: “Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho, kandi ntugacike intege iyo aguhanye;


Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.


Ukwihangana na kwo gutuma tugumana ubwizigirwa no mu bihe bigoye; ivyo na vyo bikadutera kugumana ivyizigiro.


Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara nk’uwemewe imbere y’Imana, nk’umukozi anezerererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite