Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:8
26 Referans Kwoze  

Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha.


Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.


Ariko twamizako tuvuga Ubutumwa Bwiza, kuko turi muri Mpwemu umwe n’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nabanje kwizera, ari na yo mpamvu navuze.”


Baca bamubwira bati: “Na mba wataye ubwenge!” Ariko babonye ashishikaye kuvyemeza, baca bavuga bati: “Ashobora kuba ari umumarayika wiwe!”


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.


Arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje, ndabaha impembo mukwiranye.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite