4 Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,
4 Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,
Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.
Iyo bija kuba uko, Kristo yategerezwa gupfa incuro nyinshi, kuva isi ikiremwa. Ariko noneho yaserutse rimwe rizima, mu gihe c’iherezo, kugira ngo akureho icaha akoresheje ikimazi c’urupfu rwiwe.
Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?
hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu,
ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.
Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana yo mukiza wacu,
Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,
kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,
nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.